kirundikirundi_Sports

#Indundi Sports| Handball: Uburundi bwaraye buronse uburenganzira bwo kwitabira inkino z’igikombe c’isi

Umugwi nserukira gihugu w’Uburundi wa Handball w’abadashikana imyaka 18 n’aho wagiye i Kigali utevye bigatuma ukubitwa impaga mu rukino rwa mbere rwari kubahuza na Maroc, waraye ukatishije itike yo kwitabira inkino za nyuma z’igikombe c’isi .

Hari ku musi wa gatanu igenekerezo rya 2 Nyakanga 2022 i Kigali,  niho umugwi nserukira gihugu wa Handball watana mu mitwe n’umugwi nserukira gihugu w’Ubuganda, urwo rukino rwarangiye Uburundi butsinze ubuganda ibitsindo 50 kuri 39.

Bivanye n’uko  Maroc yatsinze Libya ibitsindo 43 kuri 34 vyaciye bituma Uburundi buronka amahirwe yo gukinira igikombe c’isi c’abatarenza imyaka 18. Inyuma yo gutsinda Ubuganda, Uburundi bwaciye buronka uburenganzira bwo gukina urukino rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma na Egiputa, buca butsindwa ibitsindo 66 kuri 22.

Uburundi buzoca bukina urukino rwo kurondera ikibanza ca 3 n’umugwi nserukira gihugu wa Maroc ku musi wa kabiri igenekerezo rya 06 Nyakanga 2022.

Mwomenya ko mu mateka y’Uburundi ni irya mbere, Uburundi buronse uburenganzira bwo gukinira igikombe c’isi muri Handball.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 635