Inkino za Teqball ziza zamaze gushika no muri Kaminuza y’Uburundi .
Kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 08 Mukakaro 2023 , niho hasozerwa inkino za Teqball inkino za Triangulaire zihuza abanyeshure biga mu gisata co kwinonora imitsi ( IEPS) muri kaminuza y’Uburundi.
Imbere yuko iryo higanwa rina habanje kuba ihiganwa mu mashure , aho buri ishure ryaserukirwa n’imigwi 2.
Urukino rwanyuma rwa Finale rwahuje BAC III na BAC I aho BACIII yatsinze BACI iseti 2 kuri iseti 1.
-Umugwi wa mbere wari BAC III
– Umugwi wa kabiri ni BACI
– Umugwi wa gatatu ni BACII
Inyuma y’urwo rukino umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rya Teqball mu Burundi Yamuremye Vital yafashe ijambo mu gushiriza y’uko izo nkino zateguwe mu ntumbero yo gusimbataza Teqball muri Kaminuza y’Uburundi na cane cane mu gisaga co kwinonora imitsi ( IEPS).
Vital yongera kandi agashima intambwe inkino za Teqball zigezeko , kuko imigwi yitavye yose iryo higanwa abona y’uko mu misi iri mbere bazoba bafise abasifuzi canke abamenyereza bakomeye bazokwigisha Teqball muri kazoza .
Izo nkino za Teqball zatanguye mu mwaka wa 2017 muri kino gihe bageze ku bihugu 140.
Kubijanye n’uburyo naho Vital Yamuremye avuga ko ikibazo c’uburyo ari intambamyi ikomeye cane kuribo , bivanye nuko mu mwaka uheze basivye ihiganwa mpuzamakungu ryari ryabereye mu budagi kubera uburyo .
Bikavurwa ko mu mwaka w’i 2028 urwo rukino rushobora kuba rwashitse mu nkino za Jeux Olympique.
Akaba yarangije mu gutera akamo umurundi wese w’umutima kandi akunda inkino mu bufata mu mugongo .

















