abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports| Umukinyi w’Umurundi ariko aronderwa n’umugwi ukomeye mu karere

Bigirimana Abedi umukinyi wo hagati w’Intamba mu rugamba ashobora gusinyira umugwi wa Police Fc ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda .

Amakuru indundi Sports ikura mu gihugu c’Urwanda avuga ko umugwi wa Police Fc uriko umuha amafaranga agera kuri 35.000$ kugira ashobora kuwusinyira, ndetse akazoca ahembwa n’umushahara ungana na 1500$ ku kwezi .

Indundi Sports twaciye turondera uwo mukinyi w’Intamba mu rugamba kugira ashobore kuduha umuco kuri ivyo biriko bimuvurwako , akaba yatwishuye y’uko iyo nkuru atariyo.

Mwomenya ko uwo mukinyi mu mwaka uheze yakinira umugwi wa Kiyovu Sports wo muri ico gihugu c’Urwanda .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 836