footballkirundi_Sports

#Indundi Sports| Haraye hatanguye ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga ku bapfasoni mu Burundi

Uburundi bwaraye bwakiriye ihiganwa ryo gusiganwa n’amakinga ku bapfasoni bita “Tour Cylciste féminin international du Burundi”.

Iryo higanwa rikaba ryaraye ritanguriye i Bujumbura kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 24 Gitugutu 2022.

Abashoboye guhiganwa nabo bakaba bashika kuri 29 , abo nabo bava mu bihugu vya Côte d’Ivoire , Egypt , Bénin , RDC , Kenya hamwe n’Uburundi rero aribwo bwashoboye kwakira iryo higanwa.

Abo basiganwa bakaba baraye bazungurutse incuro 15 kw’ibarabara ryitiriwe ukwikukira , bagaca baduga kwibarabara ryitiriwe kaminuza y’Uburundi hanyuma bagaca bamanukira kuryitiriwe Uprona.

Umunya Egypte-kazi yitwa Zayed Ebtisam niwe yaraye abaye uwa mbere , hama uwabaye uwa kabiri ni Kouassi Amoin Ryamonde umunya Côte d’Ivoire, mugihe uwafashe ikibanza ca gatatu ari umurundikazi Emanuella Rukundo.

Mwomenyako iryo higanwa riza kubandanya kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 25 Gitugutu 2022 aho baza gusiganwa kuva i Nyakararo gushika i Gitega.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 314