footballIKIRUNDI_newskirundi_Sportsprimus ligueUncategorized

#indundi Sports | Hon Réverien Ndikuriyo agiye guhura n’abakinyi b’intamba bashikanye Uburundi muri CAN

Honorable Réverien Ndikuriyo agiye gufata akanya ko guhura n’abakinyi b’intamba mu rugamba bakina muza Burayi n’abandi kugira abashimire imbere y’uko atazoba agitwara ishirahamwe

Mu kiganiro yari yaramutse akorana n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa Gatanu igenekerezo rya 29 Gitugutu 2021 , Yavuze y’uko bariko baraba ingene bokina urukino rwakivandimwe n’umugwi wa Gambia mu ntumbero yo guhura n’abakinyi b’intamba mu rugamba bakina mu mahanga bazifashije  gushika muri CAN kugira ashobore kubabwira y’uko naho azoba atakiri Umukuru wa FFB azoguma ari hafi yabo .

urwo rukino gushika ubu ntibiramenyekana y’uko ruzoba, baracari mu biganiro nkuko vyashikirijwe n’uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Reverien Ndikuriyo .

Reverien Ndikuriyo akaba yabwiye abanditsi n’abamenyeshamakuru y’uko naho urwo rukino rwa kivandimwe rutoba, azotegerezwa kubonana n’abakinyi b’abarundi bakina hanze y’igihugu akabarihira  amatike bagahurira muri Turkey ku mugwa mukuru, kugira ashobora kubashimira kuvyo bakoreye igihugu ndetse no kubabwira y’uko azoguma ari hafi yabo igihe cose naho atazoba akibarizwa ishirahamwe ry’umupira w’amaguru.

Mwomenya y’uko Honorable Réverien Ndikuriyo yemeye y’uko bagiye gushiramwo inguvu kugira umugwi nserukira gihugu w’abigeme uzoshobore guserukira igihugu muri CAN , Uwo mugwi ukaba usigaje urukino rumwe gusa ruzoyihuza na Djibouti uramutse urutsinze uzoba witabiriye izo nkino .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 359