footballhomepagekirundikirundi_Sports

Hussein Banza yahawe amabanga muri Inter Star

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2020 isaha zitanu zo mu gitondo 11h ahitwa kuri Sun Safari niho hariko habera ikoraniro ry’umugwi wa Inter Star, iryo koraniro rikaba ryari iryo gushikiriza icese umugwi wa Inter Star icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo hamwe no gushira ahabona komite bagiye gukorana mu kiringo c’imyaka 3.

Muri Komite igiye gukorana na Gaston Sindimwo icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu akongera agatwara Umugwi wa Inter Star harimwo uwahoze ari kizigenza w’intamba mu rugamba Hussein Banza benshi bazi kw’izina rya Chiken yagizwe nk’icegera ca kabiri c’ c’umuyobozi mu bijanye n’ubuhinga muri uyo mugwi hamwe n’Umumenyeshamakuru wa Buja FM ariwe Nzeyimana Dorcas yagizwe uwujejwe kumenyesha amakuru muri Inter Star .

Aba nibo bazofashanya na Nyakubahwa Gaston Sindimwo :

1er Vice-président: Nirembako Amos

2è Vice-président: Olivier

-Umuhanuzi: Déo Ngendahayo

-Umunyamabanga mukuru: Hakizimana Célestin

Icegera ciwe: Mrisho Ramadhan

Umuganga: Misigaro Abdilllah

Umuyobozi mu bijanye n’ubuhinga :

Kitwana Ramadhan Icegera ciwe  Mbanza Hussein.

Abanyabigega:
Abdi Tole na Adidja.

Uwujejwe kumenyesha amakuru muri Inter Star: Germaine Dorcas.

Twobibutsa y’uko Hussein Banza yigeze kuba kizigenza w’Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba igihe kitari gito , yakiniye Imigwi ya hano uwacu nka Elite Fc , Vital’o Fc , Inter star ; mu Rwanda akinira Umugwi wa Rayon Sports yashoboye no gukina mu gihugu ca Vietnam.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891