homepagekirundikirundi_Sports

Hussein Shaban Tchabalala agiye gukinira Bugesera Fc

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 23 Myandagaro umwaka wa 2019, niho umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Hussein Shaban Tchabalala yafata urugende rumushikana mu gihugu c’Urwanda kwumvikana n’umugwi Bugesera Fc .

Hussein Shaban Tchabalala yahavuye ashira umukono ku masezerano y’umwaka yo gukinira umugwi Bugesera Fc .

Ni izihe mpamvu zatumye asinya muri Bugesera?

Impamvu yatumye uyo mukinyi aja gukinira umugwi Bugesera agahagarika amasezerano yari afitaniye n’umugwi Ethiopia Coffee n’uko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Ethiopia riheruka gushinga itegeko rivuga y’uko ata munyamahanga n’umwe azohembwa amafaranga arenga amadorari y’amanya america 1600 bibaye uko umukinyi wese yaciye ahabwa uruhusha rwo guhagarika amasezerano yari afitaniye n’umugwi uwariwo wose wo muri ico gihugu bari bagifitaniye amasezerano .

Indundi Sports yarondeye Tchabalala kugira atange umuco kuri iyo nkuru n’icatumye ashima Bugesera mugihe hari imigwi ikomakomeye mu Rwanda tutibagiye nka Rayon Sports yayigiriyemwo amateka adasanzwe igihe yari akiyikinamwo.

Tchabalala akaba yishuye ati :

“Bugesera niyo yanguye kundondera ninayo yatanguye kumenya y’uko maze guhagarika amasezerano n’umugwi wanje wa Ethiopia imaze kwumva iyo nkuru abatwara uyo mugwi baranyegereye turayaga neza mubisanzwe iyo umugwi ukurondeye hama ugatanga amafaranga agushimishije utegerezwa kujayo”.

Mukamenya y’uko Hussein Shaban Tchabalala yarakiniye imigwi ikomakomeye ya hano iwacu ayifasha gutwara ibikombe ndetse no gukina amahiganwa ya CAF nka Vital’o Fc , Flambeau de l’est ; akinira no mu Rwanda mu mugwi Amagaju Fc , Rayon Sports yayufashije gutwara igikombe c’ihiganwa ryo mu Rwanda mu  mwaka w’2017 no gushika mu nkino za Caf Confederation Cup.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871