abakinyi bakina hanzefootballintamba murugamba

# Indundi Sports | Hussein Tchabalala yaraye atsinze Kiyovu Sporta ibitsindo bibiri wenyene

Umukinyi w’umusatirizi w’umurundi Hussein Shabani Tchabalala gushika ubu ntawuramuhagarika mu kwinjiza ibitsindo vyinshi mu gihugu c’Urwanda .

Hari ku musi wa Gatandatu igenekerezo rya 03 Kigarama 2022 ku kibuga c’Inyamirambo aho umugwi As Kigali wari wakiriye umugwi Kiyovu Sport mu rukino rw’indwi igira 11 rw’ihiganwa ryo mu Rwanda . Urwo rukono rwarangiye As Kigali inyagiye Kiyovu Sports ibitsindo 4-2.

 

Muri ivyo bitsindo 4 vyose vya As Kigali , umusatirizi w’umurundi Hussein Shabani Tchabalala yinjije ibitsindo 2 wenyene ni ukuvuga igitsindo ca gatatu n’ica kane .

Hussein Shabani akaba yaciye akwiza ibitsindo 9 mu nkino 11 amaze gukina , ni nawe afise ibitsindo vyinshi muri iryo higanwa ryo mu Rwanda .

Umugwi As Kigali ukaba waciye ufata ikibanza ca kabiri n’amanota 23 ukaba urushwa amanota 2 na Rayon Sports ifata ikibanza ca mbere .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 205