CAN2019footballgroups-at-messageInfrastructuresInkinokirundi_Sportsprimus ligueSportsport_promoted

Hussein Welo ngo afise icizere co gusezerera Musongati

Inyuma yo kunganiriza na Musongati Fc 0-0 ku kibuga c’intwari, umumenyereza wa Inter Star Hussein Welo ngo afise icizere co gusezerera Musongati Fc.

Ari kuri micro za bagenzi bacu b’abamenyeshamakuru Hussein Welo akaba yagize ati ”Sinshobora kuvuga y’uko nashimishijwe no kunganiriza i Bujumbura na Musongati Fc naje kurondera intsinzi ariko nayibuze ariko haracariho urukino rwo gusubiriza tugiye kwiga ingene twokwitwara neza mu rukino rwo gusubiriza”.

Abajijwe ni ikihe cizere afise mu ntara ya Gitega akaba yishuye ati “Umugwi uwariwo wose ufise icizere. Ku ruhande rwacu natwe dufise icizere, tugiye kurwana kugira turonke intsinzi”

Mwomenya y’uko urukino rwo gusubiriza rw’igice ca kabiri gishira ica nyuma kizohuza iyo migwi ya Inter Star na Musongati ruzoba ku musi w’Imana igenekerezo rya 07 Ruheshi umwaka wa 2020 isaha icenda 15h00 ku kibuga c’ingoma.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 327