footballhomepageIbiyovyabwengekirundikirundi_SportsYvan muziki

Hussein Welo yaraye asubiye muri Olympic Star giturumbuka

Uwahora amenyereza umugwi Olympic Star mu mwaka uheze umumenyereza Hussein Welo yaraye asubiye muri uyo mugwi giturumbuka.

Ivyo bikaba vyaraye vyibonekeje mu gisagara ca Muyinga aho uyo mumenyereza Hussein Welo kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 12 Kigarama umwaka wa 2018 yaraye akoresheje imyimenyerezo yiwe ya mbere ku kibuga c’Umuco.

Hussein Welo akaba yahora amenyereza umugwi Musongati Fc w’i Gitega , gushika muri ubu tukaba turamenya icoba catumye ava muri uyo mugwi agasubira mu mugwi wa kera wa Olympic Star .

Mukamenya y’uko Hussein Welo yafashije umugwi Olympic Star umwaka uheze gutwara igikombe c’umukuru w’igihugu no gutuma uyo mugwi userukira Uburundi mu mahiganwa ya CAF Confederation Cup.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891