homepagekirundikirundi_Sports

Ibiciro vyo kwinjira mu rukino rw’intamba na Maroc vyamenyekanye

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 19 Munyonyo isaha icenda 15h00 ku kibuga c’intwari umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba uzoba uriko urakira umugwi nserukira gihugu wa Maroc mu rukino rwo gukurakuranamwo ryo kurondera itike yo gukina inkino za nyuma za Afcon 2021 zizobera muri Cameroun.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB rikaba ryamaze gushira ahabona ibiciro vyo kwinjira muri urwo rukino.

Ivyo biciro bikaba bimeze uku gukurikira :

-Ku mpande z’ikibuga : 5000Fbu

-Mu bwugamwo A na B : 20.000Fbu

-Mu bwugamwo bw’iteka V.I.P: 50.000Fbu nayo

-Mu bwugamwo bw’iteka VVIP : 100.000Fbu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871