footballkirundi_Sportsprimus ligueUncategorized

#Indundi Sports| Ibikombe vyose Aigle Noir Cs imaze gutwara ni ivy’i Gitega

Umugwi Aigle Noir Cs usabwa gutwara igikombe cabo , kirya bigeze gutwara ni ico abanyagitega. Ivyo vyaraye bishikirijwe n’uwatanguje uwo mugwi Honorable Réverien Ndikuriyo, mugihe yari yitabiriwe ubutumire bwa mugenzi wiwe Kazohera Vénerand asanzwe arongoye umugwi Flambeau du Centre wo mu ntara ya Gitega, uwo mwubahwa yahaye ubutumwa bukomeye abanya Makamba.

Akaba yagize ati: “Kera muri Aigle hari ubumwe, hari ihiganwa, igikombe c’umukuru w’igihugu , ivyo bikombe vyose ni ivy’i Gitega nzobabwira bavyimurire i Mweya aho nsanzwe mba , erega si ivy’i Makamba uwo mwaka ibikombe vyose twatwaye twari abanyagitega bizoguma i Mweya muhira iwanje, i Makamba nibarondere rwabo nk’uko abandi barondeye”.

Mwomenya ko umwaka Aigle Noir Cs watwaye ibikombe vyose wari umwaka w’2019 uri kumwe n’umumenyereza Joslin Bipfubusa muri kino gihe asanzwe amenyereza umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 358