footballkirundi_Sportsprimus ligue

#Indundi Sports| Ibintu 10 vyatumye Elaga Top Junior inyagirwa na Magara Young Boys

Umugwi Elaga Top Junior w’i Nyanza Lac wanyagiwe bimwe bikomeye n’umugwi wa Magara Young Boys .

Hari ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 20 Myandagaro 2022 isaha icenda 15h00 ku kibuga Intwari , aho umugwi Magara Young Boys wanyagira Elaga Top Junior ibitsindo 5 vyose kuri 1 .

Ibintu 10 vyatumye umugwi Magara Young Boys unyagira Elaga Top Junior:

1) Umugwi Elaga Top Junior ufise indwi imwe gusa uguzwe

2) Nta myimenyerezo abakinyi bafise ihagije

3) Abakinyi ntibaramenyerana

4) Nta nkino nyinshi za kivandimwe wakinye

5) Ni umugwi wari ufise ikibazo c’ikibuga

6) Abamenyereza gushika ubu ntibaramenya abakinyi 11 botanguza mu kibuga

7) Abakinyi ntibarinjira muri Philosphie y’umumenyereza

8) Imipira batakaje ni myinshi cane

9) Ico bita Endurance baracari hasi cane rwose

10) Umukinyi wese yakina ivyo abona ni ukuvuga habuze ico bita Organisation mu kibuga.

Ivyo bizoca bifata umwanya umumenyereza Okoko Godefroid na Bamba Rossi kugira bubake umugwi woza urabashikana ku ntsinzi mugihe kandi ihiganwa rya Primus League rizoba ririko rirabandanya .

Uwo mugwi ushobora gutakaza inkino zitari nke muri iki gice ca mbere c’ihiganwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 315