footballkirundikirundi_Sportsprimus ligue

Ibitsindo 3 yinjije Flambeau du Centre bitumye Alexis Kitenge ahabwa umupira

Kitenge Alexis nawe yahavuye ahabwa umupira nk’uko abandi bama bawuhabwa iyo binjije ibitsindo 3 mu rukino.

Hari ku musi wa w’Imana igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2021, ku kibuga Intwari aho umugwi Athletico Academy wari wakiriye umugwi Flambeau du Centre wo mu ntara ya Gitega mu rukino rw’indwi ya 25 rw’ihiganwa rya Primus league, urwo rukino rukaba rwarangiye Athletico Academy yirahiye Flambeau du Centre ibitsindo 3-1.

Ivyo bitsindo vya Athletico Academy bikaba vyinjijwe na Kitenge Alexis, ariko naho yavyinjije ntiyahavuye ahabwa umupira nk’uko twama tubona abandi bahabwa imipira ivyatumye imyidogo iba myinshi kuri uwo mukinyi ndetse n’abasanzwe bari mu mugwi Athletico Academy.

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2021, mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi bahavuye nabo nyene baha umupira Alexis Kitenge ivyahavuye bishimisha uwo musatirizi.

Mwomenya y’uko mu nkino 3 zo gusubiriza Alexis Kitenge amaze gukinira umugwi Athletico Academy amaze gutsinda ibitsindo 4.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 669