footballhomepagekirundikirundi_Sports

Icatumye Hussein Welo ataja mu mugwi wa Flambeau du centre

Nk’uko mwari mumaze imisi mubona vyanditswe mu binyamakuru bitandukanye bivuga y’uko Nahimana Hussein Welo amenyerereza umugwi wa inter star yoba amaze gushira umukono  ku masezerano yo kumenyereza umugwi wa Flambeau du centre wo mu ntara ya gitega ariko ivyo Hussein Welo akaba yarabibeshuje kuko yaguma ashimangira y’ uko akiri umumenyereza wa Inter star ariko ntiyasivye kuvuga y’uko habaye ibiganiro hagati yiwe n’uburongozi bwa Flambeau du centre.

Kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 09 ntwarante niho twabona amakuru aguma acanacanako ku mbuga ngurukanabumenyi avuga y’uko Welo atakigiye  muri flambeau du centre ahubwo uwugiye kuba umumenyereza w’uyo mugwi ni uwitwa Ferouzi Haruna batazira felo yigeze kumenyereza les lierres.

Indundi sports imaze kwumva ayo makuru yashoboye kwegera abari hafi y’umugwi wa Flambeau du centre kugira batange umuco ukwiye ku bijanye niryo hinndagurika ryabo bamenyereza .

Uyo ari hafi y’umugwi wa flambeau du centre yabwiye indundi sports y’uko Ferouzi Haruna ntarashika muri uwo mugwi kuko amakuru ntarandikwa ku rubuga ngurukana bumenyi bwa facebook ya academy le Messager ni ukuvuga y’uko iyo inkuru itarandikwa kuri urwo rubuga ntiba iremezwa naho iya Hussein Welo yari yashizwe kuri urw0 rubuga ivuga y’uko agiye kumeneyereza uwo mugwi ariko  munyuma bigahinduka.

Indundi sports twarasubiye kandi turabaza uwegereye uwo mugwi impamvu yatumye Hussein Welo yanka kuza muri uwo mugwi mugihe bivugwa y’uko yari yaramaze gushira umukono ku masezerano yo kumenyereza uwo mugwi akanahabwa n’amafaranga, akaba yatwishuye ati : “biravugwa y’uko umugwi wa Inter Star ushobora kuba waramwongeye amahera aca abona kugumayo naho amahera yacu atarasubizwa”.

Huseein Welo nawe twamurondeye kugira atange umuco ukwiye ku biriko bimuvugwako y’uko yoba yariye amahera ya Flambeau du centre kandi gushika n’ubu atarayabasubiza, Welo akaba yabibeshuje avuga y’uko abantu bariko bavuga ivyo batazi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891