abakinyi bakina hanzeBasketballhomepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Igisenge gisakaye c’ikibuga ca Basketball cariko kirubakwa i Gitega casenyuwe n’imvura

Imvura ivanze n’urubura yaguye I Gitega niyo yatumye igisenge gisakaye cose c’ikibuga c’umupira w’amaboko basketball gisenyuka n’umuyaga.

Hari kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2023 isaha zitandatu z’umurango ( 12h00) niho harwa imvura nyinshi cane mu ntara zitandukanye harimwo intara ya Gitega .

Iyo mvura yononye ibintu bitari bike harimwo n’igisenge cose c’ikibuga c’inkino c’umupira w’amaboko cariko kirubakwa ku murwa mukuru wa poritike I Gitega .

Musitanteri wa Commune Gitega Jacque Nduwimana akaba yavuze ko basubiye mw’ihumbi , ariko naho biri uko arashima ko Imana yakinze atawe iryo sanganya ryahitanye mbere n’abakoze bari basanzwe bahari nta numwe yakomeretse .

Mwomenyako ico kibuga ca Basketball cari kimaze amezi abiri gisakaye .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 842