footballhomepageInkinokirundikirundi_SportsWorld News

Ihiganwa rikinamwo Mohamed Amissi ryahagaze burundu

Kuri uyu wa gatanu waraye uheze Igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2020 , nuho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Hollade canke Pays bas ryamenyesha icese y’uko ihiganwa ryo muri ico gihugu ry’uno mwaka ritakibandanije ni ukuvuga rihagaze burundu kubera ikiza ca Coronavirus kimaze amezi kiriko kiratikiza inganda kw’isi.

Ishirahamwe ritwara Umupira w’amaguru muri Pays bas rikaba ryamenyesheje y’uko ata mugwi uzohabwa igikombe co muri uno mwaka canke ngo haboneke umugwi umanuka mu cicaro ca kabiri .

Umugwi Ajax Fc niwo wafata ikibanza ca mbere ukaba waciye uhabwa itike ryo gukina inkino za UEFA Champions League mu mwaka uza mugihe umugwi ufata ikibanza ca kabiri muri iryo higanwa witwa Az Alkmaar uzobanza gukina inkino za Barrage kugira uronke itike yo gukina champions league .

Mukamenya y’uko iryo higanwa ryahagaritswe umugwi Heracles Almelo ukinamwo Umukinyi w’Umurundi Mohammed Amissi ufata ikibanza ca 8.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 890