Basketballfootballkirundi_Sports

#Indundi Sports| Ihiganwa ry’igikombe c’incungu muri Basketball kigiye gusubira gutangura

Ihiganwa ry’Igikombe c’incungu z’Uburundi ( Coupe des Heros) cama gitegurwa n’ishirahamwe Fondation Pax Burundi kigiye gusubira gutangura ku ncuro igira gatandatu .

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 06 Nyakanga 2022 , isaha umunani 14h00 kuri Olivia Hotel niho uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaboko ( Basketball) mu Burundi Manirakiza Jean Paul Apôtre , ari kumwe n’uwusanzwe ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe Fondation Pax Burundi Fabrice Niragira , bari baramutse bakorana ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubasigurira ingene igikombe c’incungu muri uno mwaka kizoba gitunganijwe.

Mu majambo Fabrice Niragira ajejwe gutanga amakuru muri Fondation Pax Burundi yashikirije, yavuze y’uko ico gikombe citiriwe incungu kizokwitabirwa n’imigwi 10 ya mbere y’ihiganwa rya Viva Basketball League yo muri uno mwaka w’i 2022 mu bagabo gusa, kikazotangura igenekerezo rya 25 muri uku kwezi kwa Nyakanga gushika igenekerezo rya 21 Gitugutu umwaka w’i 2022.

Ico gikombe c’incungu muri uno mwaka cadugijwe igiciro aho umugwi wa mbere uzotahukana igikombe uzohabwa ibahasha ry’imiriyoni 7 n’ibihumbi amajana atanu, uwa kabiri nawo uhabwe imiriyoni zitanu , uwa gatatu uronke imiriyoni zitatu , mu gihe uwa kane uzohabwa imiriyoni zibiri.

Fabrice Niragira yasubiye kandi amenyesha y’uko imigwi yose izokwitabira iryo higanwa , izohabwa amahera yo kuryitegurira n’aho azoba ari make.

Mwokwibuka y’uko uwatwaye ico gikombe mu mwaka uheze yaronse imiriyoni zitatu z’amarundi 3,000,000, uwa kabiri nawe aronka imiriyoni zibiri z’amarundi 2,000,000, mu gihe uwa gatatu nawe yaronse umuriyoni 1,000,000.

Mwomenya ko inkino zose z’ico gikombe c’incungu zizobera mu gisagara ca Bujumbura .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 317