homepagekirundikirundi_Sports

Ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri rigiye gutangura

Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2020 niho ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryashize ahabona itariki ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri rizotangurirako.

Iryo higanwa ryo mu cicaro ca kabiri rikazotangura igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2020.

Imigwi 16 igabuwe mu mice ibiri niyo igiye guhiganirwa ibibanza 3 vyo kuduga mu cicaro ca mbere mu mwaka uze nkuko vyama bimeze .

Imigwi yashoboye kuduga mu cicaro ca kabiri nayo akaba ari Garage Fc y’i Gitega , New Oil w’i Bujumbura waguze ikibanza , Telavib Fc w’i Bujumbura hamwe na Lumiere de Mwumba y’i Ngozi.

Itsinda rya A rikaba ririmwo imigwi nka :

– Les jeunes Athlétiques
– Les Élephants
– Messager Rumonge
– Muzinga Fc
– New Oil Fc
– Telaviv Fc
– Top junior
-Volontaires Fc

Mw’itsinda rya B :

– Buhumuza Fc
– Delta Star
– Flambeau de l’est
– Lumiere Mwumba
– Moso Sugar Fc
-Royal Fc
– Garage Fc
-Unité Fc

Imigwi izohura ku musi wa mbere uku gukurikira :

-Igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2020 :

-Isaha indwi n’igice 13h30 ku kibuga c’intwari umugwi Top Junior uzokina na Muzinga Fc

-Isaha icumi 16h00 ku kibuga c’intwari umugwi Volontaires wo mu Kanyosha uzokina na Messager Rumonge

Igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2020 :

Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2020 :

-Isaha icenda 15h00 ku kibuga c’Urunani Les Élephants izokina na New Oil

-Isaha indwi n’igice 13h30 ku kibuga c’intari Les jeunes Athletiques bazohura na Telaviv

-Isaha icenda 15h00 mu Ruyigi Buhumuza Fc izohura na Royal Fc

-Isaha icenda 15h00 ku kibuga ca Peace Park Moso Sugar izohura na Delta Star

-Isaha icenda 15h00 ku kibuga c’ingoma Garage Fc izohura na Lumière de Mwumba

-Isaha icenda 15h00 ku kibuga c’Umuco Unité Fc izohura na Flambeau de l’Est.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871