Burundihomepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Ikibuga ca Peace Park Complex kigiye kwugururwa vuba

Ikibuga c’inkino kiri mu ntara ya Makamba Peace Park Complex ngo kigiye kwugururwa vuba.

Ku musi w’Imana uheze igenekerezo rya 21 Ndamukiza umwaka wa 2019 niho Reveriyano Ndikuriyo asanzwe atwara inama nkenguzamateka hamwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB akongera agatwara umugwi Aigle Noir yanditse amajambo ku rubuga ngurukaba bumenywi Facebook avuga y’uko ikibuga c’umugwi Aigle Noir The Fighter kigiye guhera mu kwezi kwa Myandagaro kugira umugwi Aigle Noir uzokwakire inkino mpuzamakungu za CAF Champions League .

Akaba yanditse mu rurimi rw’igiswahiri agira ati “Uwanja wa timu ya AN CS The FIGHTERS kukamilika mwezi wa nane ( Myandagaro) ili kuweza kupokea mechi za CAF Champions League. Ujenzi waendelea, kiwanda cha kutengeneza nyasi za kisasa kimesema kama wiki hii kitamaliza, huku kiwanda cha kutengeneza muchanga wa plastic chasema kama kitamaliza mwishoni wa Mwezi wa tano huku kikikubali kuagiza kwanza nusu ya muchanga wa plastic (tani 52) sasa hivi. Tunawatakia kazi njema wafanyakazi wote huko PEACE PARK COMPLEX”.

Umugwi Aigle Noir arongoye ukaba ariwo mugwi watwaye igikombe ca Primus League c’uyu mwaka wa 2018 ushira uwa 2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878