footballhomepagekirundikirundi_Sports

Ikibuga c’imakamba citiriwe izina ry’Umukuru w’igihugu

Mugihe aho hambere ikibuga c’imakamba citwa Peace Park Complex muri kino gihe camaze kwongerezwa irindi zina iryo naryo nirya nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu c’Uburundi Petero Nkurunziza .

Ivyo bikaba vyamenyekanye inyuma y’inyandiko uwutwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Reverien Ndikuriyo yanditse kurubuga rwa Facebook agira ati :

”kubera ibikorwa vyinshi biriko birangurirwa kuri Peace Park Complex PETERO NKURUNZIZA mu ntumbero yo gutegura iyinjirwa ryico Kibuga, URUKINO RWANYUMA RW’IGIKOMBE C’UMUKURU W’IGIHUGU RWARI RUTEGEKANIJWE KUBERA KURI PEACE PARK COMPLEX PETERO NKURUNZIZA KUWA 13 RUHESHI 2020 rushobora kwunguririzwa kukindi kibuga”

Bivanye n’ayo majambo yanditse niho abantu baciye bamenya y’uko ico kibuga c’imakamba muri kino gihe citiriwe izina rya Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu c’Uburundi Petero Nkurunziza.

Ayandi makuru twaronse kuri bagenzi bacu b’abamenyeshamakuru avuga y’uko ico kibuga catanguye kwitirirwa izina rya nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu c’Uburundi Petero Nkurunziza kuva mu myiyamamazo yabereye i Makamba mu kwezi guheze.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891