homepagekirundikirundi_Sports

Ikomborwa rya Niyungeko Olivier mu Ntamba mu rugamba riracari kure nk’indoto

kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 15 Nyakanga umwaka wa 2019 isaha zitanu (11h 00) zo mu gatondo niho Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Reveriano Ndikuriyo akongera akaba n’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka mu Burundi yatanze ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru  abasigurira impinduka zabaye mu mugwi nserukira gihugu w’abakinyi bakina hano iwacu ndetse anashiraho n’umugwi ujejwe gutegura inkino zibiri zo gukurakuranamwo ziha uburenganzira bwo gukina CAN 2021.

Ndikuriyo akaba yanavuze ko Umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko adahinduka naho benshi bama babisaba bivanye nivyo bariko bararondera .

Akaba yagize ati” Umumenyereza Ntahinduka naho benshi babisavye, gusa muri Staff tuzokwongeramwo abantu kugirango umugwi ugire inguvu turibaza ko tuzokwongeramwo bamwe bamwe mu bakinyi bakiniye uwo mugwi mugabo bakaba ubu baragaharitse narabwiye ababijewe batangure kuyaga nabo, yaba Djuma Mossi aze yaba Aime Kitenge aze kugira dukomeze staff kuko Umugwi ukina neza mugabo hakeneye abantu bawukinyemwo banawuzi bagafasha umumenyereza”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871