abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sportsprimus ligue

#Indundi Sports| Imboneshakure Azam Tv izohora yerekana inkino za Aigle Noir Sc

Inkino za Aigle Noir Cs zikinirwa hano iwacu cane cane iza Primus League , zizohora zicishwa ku mboneshakure Azam Tv yo mu gihugu ca Tanzania, ivyo bikaba vyaraye bishikirijwe na Niyonkuru Domitien arongoye ikigo Fondation Pax Burundi.

Naho izo nkino zizocishwa kuri Azam Tv , ntizizokwerekanwa ikibiriraho nk’uko twama tubona berekana izo mu gihugu ca Tanzania .

Izo nkino bazobanza kuza barazifata munyuma urukino rurangiye bace babona akaryo ko kuzicisha kuri iyo mboneshakure.

Ivyo bizoca bifasha abakinyi ba Aigle Noir Cs kuronka isoko mu mahanga bivanye n’uko iyo mboneshakure ari imwe mu mboneshakure zikurikiranwa cane muri Africa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321