abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sportsprimus ligue

#Indundi Sports| Imiriyoni 16 ku kwezi niyo mafaranga Flambeau du Centre ikoresha

Umugwi Flambeau du Centre ushobora kuba ariwo mugwi wa mbere ukoresha amafaranga menshi mw’ihiganwa rya Primus League .

Igihe uwo mugwi wariko uhimbaza umusi mukuru wo kwigina igikombe ca Primus League 2021-2022, uwurongoye umugwi Flambeau du Centre wo mu Ntara ya Gitega , umugwizatunga Kazohera Vénerand yavuze y’uko buri kwezi uwo mugwi ukoresha amafaranga angana imiriyoni 16, twaharuye dusanga buri mwaka uwo mugwi wama ukoresha imiriyoni 192 z’amarundi .

Mwomenyako uwo mugwizatunga yavuze y’uko amafaranga yose abo bakinyi baba batsindiye wewe nta rufaranga na rumwe atwara , yose usanga yayagabiye abo bakinyi. Nk’akarorero ni imiriyoni 30 bahawe z’igikombe ca Primus League zose yaciye azibagabira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321