abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambaprimus ligue

#Indundi Sports| Imiriyoni 321 niyo mafaranga baterereye mu ntumbero yo kwubaka ikibuga c’intwari

Abashika kuri 18  nibo baraye baterereye  kugira ikibuga c’intwari cubakwe gushasha gutyo Uburundi nabwo nyene bugire ikibuga mpuzamakungu cemewe na FIFA.

Hari ku musi wa gatandatu uheze igenekerezo rya 08 Gitugutu 2022 , aho abanyagisagara ca Bujumbura n’ababarongoye bari baramutse bakorera ibikorwa rusangi ku kibuga Intwari aho  ico kibuga kigiye kwubakwa gushasha.

Ivyo bikorwa rusangi vyari vyatewe iteka na Président d’honneur wa FFB Honorable Réverien Ndikuriyo , Général de Brigade de Police Muyenge Alexandre atwara FFB , Général de brigade de police Jimmy Hatungimana atwara igisagara ca Bujumbura, Musitanteri wa Komine Mukaza Renovat Sindihebura n’abandi batandukanye.

Mw’ijambo Honorable Réverien Ndikuriyo yashikirije yagiye aravuga abashoboye guterera ku musi wa mbere wo gushigikira kwubaka ico  kibuga abo nabo akaba ari aba bakurikira :

– Garage Toyota : Imiriyoni 20
– Kiriri Garden : Imiriyoni 20
– Siyoni : Imiriyoni 20
– Abraham Ndekatubane : Imiriyoni 50
– Kiki : Imiriyoni 25
– Munyarwanda : Imiriyoni 20
– Mairie ya Bujumbura : Imiriyoni 30
– Musitanteri w’i Makamba: Imiriyoni 10

– Musitanteri wa Mukaza : Imiriyoni 10

– Musitanteri wa Ntahangwa :  Imiriyoni 10

– Musitanteri wa Muha : Imiriyoni 10

– GTC : Imiriyoni 5
– Kaderi : Imiriyoni 5
– Berthe : Imiriyoni 20
– Désire: Imiriyoni 5
– Uwutashimye ko bamuvuga : Imiryini 20
– Imvukira zo muri zone Cibitoke : Imiriyoni 20
– Fondation Pax Burundi : Imiriyoni 21

Ayo mafaranga yose akaba angana n’imiriyoni 321 z’amarundi.

Mwomenyako ico kibuga mu mezi umunani kizoca caheze gutyo Uburundi busubire kuza burakira inkino mpuzamakungu.

Kurikirana ikiganiro cose ngaha ubone n’amashusho y’abaterereye:

What's your reaction?

Related Posts

1 of 208