homepagekirundikirundi_Sports

Imiriyoni 450 nizo Vital’o Fc izokoresha mu myaka itatu iri imbere

Igenekerezo rya 01 Ruhuhuma 2020, niho umubirigi Didier Vandenkerkhove asanzwe aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe Vital Invest SA muri kino gihe akaba ariwe asanzwe ari Patron w’umugwi wa Vital’o yashize ahabona ingene agiye gukorana n’umugwi wa Vital’o Fc mu myaka itatu iri imbere.

Didier akaba yamenyesheje y’uko inyuma yo gutanga ibirato ku bakinyi igenekerezo rya 16 Nzero 2020 yashikirije y’uko imiriyoni 450 z’amarundi ( 45.000000) arizo zizofasha umugwi wa Vital’o Fc mu kiringo c’imyaka 3 iri imbere.

Ayo mahera azokoreshwa ku bijanye no kwubakira ikibuga umugwi wa Vital’o Fc kandi ikibanza catanguye kuronderwa, ibikoresho vyo gukoresha mu myimenyerezo hamwe no gutegura abakinyi bakiri bato b’umugwi wa Vital’o Fc aho twovuga (academy).

Hama Great Lakes Management SA izofasha mu bijanye n’igura n’igurishwa ry’abakinyi bazokwitwara neza bakazohora basohora babiri buri umwaka.

Mukamenya y’uko ivyo vyose Didier azobikorana na Lionnel Smerdjean yigeze gutwara umugwi wa LLBS4A ninawe atwara ishirahamwe LLBS4A hamwe na Comité y’umugwi wa Vital’o Fc irongowe na Président wa Vital’o Fc Djamal Seifu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871