footballhomepagekirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Imiriyoni 500 Fbu nizo zisabwa kugira ikibuga citiriwe ku gasaka gihere

 

Ikibuga c’umupira w’amaguru kiri mu gisagara ca Ngozi hafi y’ibiro vy’iyo ntara kugira gihere haracabura ayashika  imiriyoni 500 z’amafaranga y’amarundi .

Ivyo bikaba vyashikirijwe na Buramatari w’intara ya Ngozi Emanuel Ntaconsanze kuri uyu wa 18 Ntwarante 2023 igihe yariko ashikiriza ivyaranguwe mu mwaka wa 2022.

Ico kibuga naho kitarahera kimaze gutwara amafaranga angana n’imiriyaridi 3 z’amarundi ndetse kikaba kimaze n’igihe kitari gito Kiriko kirubakwa.

Mwomenyako ico kibuga arico kibuga ca mbere kinini gusumba ibindi mu ntara ya Ngozi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 890