homepagekirundikirundi_Sports

Impamvu yatumye Nduwarugira adahamagarwa mu ntamba mu rugamba

Umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba Nduwarugira Christophe ntiyigeze ahamagarwa ku rutonde rw’abakinyi 29 b’intamba mu rugamba ruriko rwitegurira urukino rwo gukurakuranamwo rwo kurondera itike yo gukina igikombe c’isi c’umwaka wa 2022 kizobera muri Qatar .

Benshi bakaba baribajije impamvu yoba yatumye uyo mukinyi adahamagarwa mu ntamba mu rugamba.

Ku makuru Indundi Sports yaronse avuye muri bamwe bari muri Staff y’intamba mu rugamba n’uko uyo mukinyi atemerewe gukina inkino zibiri zose mpuzamakungu naho zoba ari iza kivandimwe bivanye n’ikarata itukura yaronkeye mu rukino rwa CAN 2019 rwa nyuma rwahuje intamba mu rugamba hamwe na Guinée Conakry.

Mukamenya y’uko umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko yaciye ahitamwo guhamagara umukinyi Joel Bacanamwo akina mu gihugu c’Ububirigi kugira azofate ikibanza ca Nduwarugira Christophe benshi bazi kw’izina rya Lucio.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871