homepagekirundikirundi_Sports

Impamvu yatumye Nyange agumana n’abandi i Doha

Ingingo Staff y’intamba mu rugamba yafashe yo kugumana Nyange I Doha ishobora kuba iri mu ngingo nziza iyo staff yafashe.

Kuva ku musi wa kabiri w’indwi iheze igenekerezo rya 11 Ruheshi umwaka wa 2019 , inyuma y’aho umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba ukiniye urukino rwa kivandimwe n’umugwi nserukira gihugu wa Algeria bakanganya igitsindo 1-1, umumenyereza mukuru w’Intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko na Staff yiwe baciye bashira ahabona urutonde rw ‘abakinyi 23 b’Intamba mu rugamba bazokwifashisha muri CAN 2019 igiye kubera muri Egypte hama abagera kuri 5 muri 28 bari batwaye i Doha barakurwamwo hasigara 23.

Muri abo 5 bakuwemwo akaba ari Valetin Delanys, Bembo leta Joel, Rukundo Onesime, Rashid leon hamwe na na Youssuf Nyange.

Naho Youssuf Nyange yari mu bakinyi 5 bari gutaha i Bujumbura Staff y’Intamba mu rugamba munyuma yahavuye irigarura ku kanyuma ibona kugumizamwo Youssuf Nyange bivanye n’ibikondoka abakinyi babiri b’Intamba mu rugamba bari bagize abo nabo Akaba ari Nduwarugira Christophe lucio hamwe na Ngando Omar batigeze banakina urukino rwa Algeria.

Ku makuru yo kwizera avuye mu baherekeje umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba aravuga y’uko abo bakinyi muri kino gihe bameze neza kandi bitezwe no gukina urukino rugiye kubahuza na Tunisie.

Iyindi nkuru mbi twaronse ivuye i Tunis n’uko umukinyi Kwizera Pierrot yakomeretse mu rukino rwabahuje na Algerie bikavugwa y’uko uyo mukinyi ashobora kumara ukwezi kurenga adahonyoza ikirenge mu kibuga.

Bikavurwa y’uko Youssuf Nyange ariwe aza gusubirira Pierrot Kwizera na kare basanze bakiba mu kibanza kimwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871