homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Indege izana ikiziga ca Papy Faty ngo yabuze

Ikiziga c’umuhisi Papy Faty cabuze indege igishikana i Bujumbura

Amakuru indundi Sports yakuye kuwusanzwe avukana na Papy Faty ariwe Iddy Faty aravuga y’uko ikiziga ca mukuru wiwe Papy Faty caraye gishitse mu gisagaca ca Johanesbourg mu gihugu ca Africa y’epfo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 03 Rusama umwaka wa 2019 inyuma yo kurwa mu kibuga akitaba Imana igenekerezo rya 25 Ndamukiza umwaka wa 2019 mu gihe yariko arakina urukino rw’ihiganwa ryo mu gihugu ca Swaziland rwariko rurahuza umugwi yahora akinamwo Melanti Chiefs hamwe na Green Mamba .

Iddy Faty akavuga y’uko ikiziga ca mukuru wiwe Papy Faty coba cabuze indege igishikana mu gisagaca ca Bujumbura, akaba ahumuriza abarundi bose y’uko bahawe isango ry’itahukanwa ry’ico kiziga igenekerezo rya 08 Rusama 2019.

Iddy Faty akaba ahumuriza abantu b’idini rya Islam ababwira y’uko Papy Faty azohambwa nk’uwusenga muri iryo dini.

Mukamenya y’uko umuvyeyi wa Papy Faty adasenga mw’idini ryaba Islam aho avuga y’uko umwana wiwe azohambwa nk’uwudasenga muri iryo dini ryaba Islam ninayo mpamvu yasavye ikiziga c’umwana wiwe y’uko cotahukanwa mu Burundi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871