abakinyi bakina hanzekirundi_Sports

# Indundi Sports | Intamba -19 za Handball zarashimiwe n’Umukuru w’Igihugu

Umukuru w’igihigu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ntasiba gushigikira inkino mu kuzitera iteka .

Hari ku musi wa mbere igenekerezo rya 01 Rusama 2023 mu ntara zitandukanye niho hahimbazwa umusi mukuru w’abakozi n’akazi.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi n’umutambukanyi wiwe n’abandi bubahwa batandukanye uwo musi mukuru bari bawuhimbarije mu ntara ya Bururi .

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yarafashe akanya ashimira abantu batandukanye bateye iteka igihugu baranakitera.

Mubo yashimiye harimwo umurwi nserukira gihugu w’Uburundi wa Handball w’abatarenza imyaka 19, uwo murwi yawuronkeje Imiriyoni 2 z’amarundi hamwe n’urupapuro rwerekana bo bashoboye ( Certificat de Merite ).

 

Mukibuka ko uwo murwi warashoboye gutsindira igikombe co mu karere ka 5 , wongera kandi ukatisha itike yo kuja mu gikombe c’Isi yose kizoba mu kwezi kw’i 9 mu gihugu ca Croatie.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 299