homepagekirundikirundi_Sports

Intamba mu rugamba zaraye zishitse amahoro mu Misiri

Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba waraye ushitse amahoro mu Misiri ahagiye kubera inkino za AFCON2019.

Inyuma yo gutsindwa ibitsindo 2-1 n’umugwi nserukira gihugu wa Tunisia mu rukino rwa kivandimwe rwabaye kuwa mbere igenekerezo rya 17 Ruheshi umwaka wa 2019 i Tunis ku kibuga ca Rades, umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba mw’ijoro ry ‘uwo musi nyene waciye ufata indege werekeza ku murwa mukuru wa Egypte ariwo “Caire” ahagiye kubera inkino za CAN2019.

Intamba zikaba zashitse mu gisagara ca Caire neza na neza isaha 16h hama mu masaha ya 18h00 zaciye zifata Bus yazishikanye i Alexandrie aho zizokinira inkino za CAN 2019.

Ku makuru twaronse kubaherekeje umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba n’uko abakinyi bose bameze neza kandi biteze gukora imyimenyerezo yabo yambere muri ico gihugu ca Egypt uno musi igihe c’isaha 18h00.

Mukibuka y’uko Intamba mu rugamba zizokina urukino rwa mbere ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 22 Ruheshi umwaka wa 2019 n’umugwi nserukira gihugu wa Nigeria.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871