homepagekirundikirundi_Sports

Intamba mu rugamba zatererewe imiriyoni 192 z’amarundi

Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba ubandana ushigikirwa n’amashirahamwe atandukanye muri wa mugambi wa Dushugikire Intamba Zacu.

Kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 29 Rusama umwaka wa 2019 isaha umunani z’umuhingamo kw’ihoteri Sun Safari niho umukuru w’ishirahamwe ry ‘umupira w’amaguru mu Burundi FFB yashikirizwa ama Sheke n’ama bank, amashirahamwe turibagiye n’abashingamateka.

Muri ayo masheke FFB yaronse batororokanije amafaranga angana n’imiriyoni ijana na mirongo icenda na zibiri z’amarundi (192 millions de francs Bu).

Aya niyo mashirahamwe nama bank yaraye aterereye Intamba mu rugamba :

1- AACB : 3.000.00 fb
2) ECOBANK: 3.000.000 fb
3) ALCHEM: 5.000.000 fb
4) CRDB: 5.000.000fb
5)BRA plaster MFG : 5.000.000
6) BNDE: 5.000.000 fb
7) Mairie y’Ibujumbura: 5.000.000 fb

8) SEVITEB: 5.000.000 fb

9) Fond d’appui à la Protection Social : 5.000.000 fbu

10) Finbank: 5.000.000 fbu

11) BGF: 8.000.000 fbu
12) Star times : 8.000.000 fbu
13) Inter Bank: 10.000.000 fbu
14) Global Port Services: 10.000.000fbu
15) FIGETRA: 10.000.000fbu
16)ADEC: 10.000.000fbu
17) Inama Nkenguza mateka : 10.000.000fbu
18) Uwitwa Sakubu wo mu Kirundo akaba yatanze imiriyoni 10.000.000fbu

19) Uwitwa Constantin w’i Gitega akaba yatanze imiriyoni 10.000.000fbu
20) Uwitwa kazohera Suguru akaba yatanze aimiriyoni 10.000.000fbu
21) ITRACOM: 50.000.000fbu

Mukamenya y’uko Intamba mu rugamba zimirije urukino rukomeye rwa Intamba Day ruzoba kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 31 Rusama umwaka wa 2019 isaha 14h30 ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Umurundi wese ku bushake bwiwe ahamagarirwa kuza guterera mu kuraba urwo rukino arishe amafaranga ibihumbi 5000fbu ace ahabwa na Certificat yerekana y’uko yaterereye umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871