homepagekirundikirundi_Sports

Intamba ziramutse zitsinze Nigeria zizohabwa imiriyoni 150.000.000Fbu

Umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba wemerewe agashirukabute kangana n’imiriyoni 150.000.000fbu uramutse utsinze Nigeria.

Ayo mahera bakaba bayemerewe n’uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Nyakwubahwa Reveriyano Ndikuriyo avyanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Akaba yanditse ati “Abakinyi basabwe kwereka Nigeria ko UBURUNDI bukeneye igikombe. Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryategekanije agashirukabute kangana na 150.000.000 igihe botsinda Nigeria.
Nayo baronse uburenganzira bwo gukina 1/8 bazokongerwa ayandi nkayo.
Muri make kurengana igice cambere agashimwe ni 300.000.000BIF

Imana ibaje imbere.
” TUZOBARYA BWA MUTSIMA KUKO ICABAKINGIRA CABAVUYEKO ARIKO TWEHO TURI KUMWE N’IMANA”

Mukamenye y’uko Intamba mu rugamba zifise urukino rwa CAN 2019 kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 22 Ruheshi umwaka wa 2019 n’umugwi nserukiragihugu wa Nigeria.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871