footballkirundi_Sports

# Indundi Sports | Interbank yaterereye FFB imiriyoni 50 z’amarundi

 

Ibanki Interbank ryaterereye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB amafaranga angana n’imiriyoni ( 50.000.000) y’amarundi .

 

Hari kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 10 Kigarama 2022 isaha zitatu zo mugitondo (9h 00) ku kibuga Intwari kiriko cubakwa gushasha ,aho abarongoye Interbank bari kumwe n’abakozi bayo bari baramutse bakorera ibikorwa rusangi kuri ico kibuga mu ntumbero yo gushigikira ibikorwa vyo kucubaka gushasha , munyuma baca bashikiriza uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Général de Brigade de Police Muyenge Alexandre amafaranga angana n’imiriyoni mirongo itanu y’amarundi ( 50.000.000).

Umurongozi mukuru wa Inter Bank Eric Jonckheere , yamenyesheje ko ari iteka ridasanzwe kubona bagize ico baterera kugira ico kibuga kibandanye cubakwa, asubira kandi avuga ko ari ngombwa guterera mw’iterambere ry’umupira w’amaguru ndetse no mu gihugu .

Uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi nawe Général de Brigade de Police Muyenge Alexandre yashimye cane iyo bank kubona ryagize ico iterera kuri ico kibuga kuko iyo ntererano ije hageze narirya ibikorwa bikihari  .

Muyenge Alexandre akaba yasubiye kandi gutera akamo n’abandi bipfuza guterera KO imiryango yuguruye.

Mwomenya ko ico kibuga c’Intwari kizorangira mu mezi 8 ari mbere nkuko vyashikirijwe n’uwujejwe kucubaka Ingénieur Méthode Ndikumagenge.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 314