Burundihomepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Iri niryo banga Arthur ariko arakoresha kugira yame atangura mu kibuga

Umunyegori Arakaza Mac Arthur yasiguye ikiriko gituma yitwara neza mu mugwi Lusaka Dynamos azanzwe akinamwo mu gihugu ca Zambia .

Mu kiganiro Arakaza Mac Arthur yagiranye na indundi sports kuri uyu wa kane igenekerezo rya 07 Ntwarante , uyo munyegori w’intamba mu rugamba yatwibiye ibanga ariko arakoresha muri kino gihe kugira yame atangura mw’igori nk’umunyegori wa mbere w’umugwi Lusaka Dynamos.

Akaba yagize ati : “Ibanga rinini nkoresha kugira name ntangura mu kibuga ni ugukora cane , n’ukwemera ibigushikira kuko uri umukinyi hari igihe bikunda n’igihe vyakanka, Rero ni ukwemera gukosorwa kuko iyo udakosowe nta hantu nahamwe wigera ushika.”

Mwomenya ko umugwi Lusaka dynamos Arakaza Mac Arthur asanzwe akinamwo gushika ubu uri mu kibanza ca kabiri hamwe n’amanota 11 mu nkino 6 umaze gukina.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878