homepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Ishirahamwe FFB rirahoza umuryango wa Papy Faty

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ryahojeje umuryango wa Papy Faty.

Mu nyandiko iryo shirahamwe ryaraye rishize ahabona ryanditse riti : “Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi , rihejeje kumva inkuru y’umubabaro y’urupfu rwa Papy Faty , Umukinyi w’umurwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba n’umugwi wa Malanti Chiefs Fc wo mu gihugu ca Eswantini .Ishirahamwe FFB rirahojeje umuryango wabuze rikamenyesha ko ritazokwigera ry’ibagira ubutwari bw’uwo mukinyi rurangiranwa mu Burundi no mumakungu , umukinyi yateye iteka igihugu mu nkuni zitari nke , haba iyo ari mu kibuga mu kuremesha bagenziwe”.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ryifatikanije rero n’umuryango wabuze , rikamenyesha kandi ko rizoguma hafi y’uwo muryango. Imana imwakire mu bwami bwayo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871