abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sports

# Indundi Sports | Ismail Nduwantare yerekeje muri Olympic Star mu buryo butangaje

 

Uwahoze ari umumenyereza mukuru w’umurwi Magara Young Boys Ismail Nduwantare yerekeje mu murwi Olympic w’i Muyinga .

Uwo mumenyereza akaba yemereye Indundi Sports y’uko agiye kumenyereza uwo murwi wo mu ntara ya Muyinga ari nayo asanzwe avukamwo y’uko agiye kuwumenyereza mu nkino zo gusubiriza .

Ivyo bikaba rero vyatangaje abatari bake kuko uwo mumenyereza yarafashije cane umurwi Magara Young Boys kuwukura mu kibanza ca 14 akawushikana mu kibanza c’ 8 mu nkino z’igice ca mbere ca Primus League .

Ngabo Diomède nawe yari asanzwe ariwe mumenyereza mukuru w’uyo murwi  akaba yagizwe icegera ciwe .

Mwomenya ko Ismail Nduwantare ari mu bamenyereza b’abarundi bafise Licence A ya CAF .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 320