homepagekirundikirundi_Sports

Ismail Nduwantare yirukanwe muri Gicumbi Fc

Kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 28 Gitugutu umwaka wa 2019, niho umugwi Gicumbi Fc uri mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda wafata ingingo yo kwirukana umumenyereza wayo w’umurundi Ismail Nduwantare.

Intandaro yo kwirukanwa kwa Ismail Nduwantare ngo ni ugutsindwa na Kiyovu Fc igitsindo 1-0 mu rukino rw’umusi wa 4 mw’ihiganwa ryo mu Rwanda.

Mu nkino zose zitanu yari kumwe na Gicumbi Fc zose yarazitakaje ivyatumye uyo mugwi ufata ikibanza ca nyuma mw’ihiganwa ryo mu Rwanda n’amanita 0.

Mukamenya y’uko Gicumbi Fc igiye kumenyerezwa n’uwari icegera c’uyo mumenyereza ariwe Camarade.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871