abakinyi bakina hanzefootballkirundi_Sports

# Indundi Sports | Istanbul isaba imiriyoni 12 z’ama Euro kugira itange Youssuf Ndayishimiye kuri OGC Nice

Umukinyi w’umurwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba akina mu murwi Instabul Basaksehir Ndayishimiye Youssuf ariko yipfuzwa na OGC Nice ukina mu cicaro ca mbere mu gihugu c’ubufaransa .

 

Uwo murwi OGC Nice wipfuza gutanga imiriyoni 9 z’ama Euro kuri Instabul basaksehir , mugihe Istanbul basaksehir wowo ukeneye imiriyoni 12 zama Euro .

Yeni Malatyasport yo muri Turquie yaguze uwo mukinyi ibihumbi mirongo ine vyama euro ( 40,000€ ) imukuye muri Aigle Noir Sc ariko muri kino gihe ageze ku milioni cumi na zibiri Z’ama euro ( 12.000,000€) .

Mwomenya ko mu mwaka uheze uwo mukinyi yaronderwa cane n’umurwi wa Bordeaux ukina mu cicaro ca mbere muri ico gihigu nyene c’Ubufaransa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 320