Basketballhomepagekirundikirundi_SportsWorld News

Ivy’urupfu rwa Kobe Bryant vyari bizwi kuva kera

Kuva igenekerezo rya 13 Munyonyo umwaka wa 2012 hari umugabo umwe yitwa Noso yanditse kuri Twitter yiwe y’uko igihangange ca NBA Kobe Bryant azopfira mw’isanganya ry’indege ya Kajugugu bikaba ari navyo vyaraye bibaye

Kobe Bryant akaba yhitanwe n’isanganya ry’indege yiwe iri mu bwoko bwa Helicopter benshi bita kajugujugu ku musi w’Imana igenekerezo rya 26 Nzero 2020 isaha zine z’ijoro mu masaha ya hano iwacu yari imujanye mu rukino rwa Basketball.

Iryo sanganya ryabereye ahitwa Calebas muri California muri Reta zunze ubumwe za America rikaba ritahitanye Kobe wenyene ryashoboye no gutihana umwana wiwe w’umwigeme yitwa GIanna Bryant afise imyaka 13 yakunda kujana nawe mu nkino za NBA n’abandi bashika kuri indwi.

Akaba yitavye Imana afise imyaka 41 y’amavuko, akaba asize umugore n’abana biwe babigeme batatu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 874