homepagekirundikirundi_Sports

Iyi niyo myaka Ndaye Chancel agiye gukina muri America

Umukinyi w’inyuma w’intamba mu rugamba Ndaye Chancel yashize umukono ku masezerano yo gukinira umwaka umwe umugwi Las Vegas Lights Football Club usanzwe uri mu buraruko bwa Reta zunze ubumwe za America.

Akaba agiye muri uwo mugwi inyuma yo kurangiza amasezerano n’umugwi wa MFK wo muri Repubirika ya Tcheque.

Ndaye Chancel akaba ari umwe rudende mu bakinyi b’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20 yigeze gushirwa ku rutonde rw’abakinyi 11 baranze ihiganwa rya CAN U 20.

Akaba yarakiniye imigwi ya hano iwacu nka Tanganyika Fc , LLBS4A , Rukinzo Fc; i Buraya yakinye mu mugwi wa MFK wo muri Repubirika ya Tchèque, muri kino gihe naho akaba yamaze kugurwa muri Las Vegas Lights uri mu buraruko bw’igihugu ca Reta zunze ubumwe za America.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871