footballhomepagekirundikirundi_Sportsprimus ligue

Jimmy Ndayizeye ngo intumbero yabo ni ugutwara igikombe

Mugihe umugwi wa Messager Ngozi wari wakiriwe i Gitega n’umugwi wa Musongati Fc mu rukino rw’indwi ya 26 y’ihiganwa rya Primus league aho iyo migwi yanganije igitsindo 1-1 , umumenyereza wa Messager Ngozi yagize ico ashikiriza inyuma y’urwo rukino.

Ari kuri mirco ya Indundi TV Jimmy Ndayizeye yavuze y’uko yashimishijwe no kuronka inota rimwe i Gitega kuko rurya rukino rwarimwo ibiharuro vyinshi bivanye n’uko Musongati ari umugwi bariko bahiganirwa ikibanza ca mbere, akaba yagize ati :

“Ndashimishijwe n’inota rimwe naronkeye ngaha ni urukino novuga y’uko rwarimwo ibiharuro vyinshi murabona y’uko Musongati Fc ari umugwi turiko tugwanira ikibanza ca mbere gushika n’ubu ihiganwa ntirirahera keshi iyo uhuye n’umugwi nk’uyu muriko mugwanira igikombe utawutsinze mwopfuma munganya”

Abajijwe intumbero bafise uyu mwaka Jimmy Ndayizeye akaba yishuye ati : “Twebwe intumbero dufise n’irya nyene yo gutwara igikombe”

Mukamenya y’uko umugwi wa Messager Ngozi ukiri kw’isonga ku rutonde rw’imfatakibanza rwa Primus league n’amanota 54 igakurikirwa na Musongati Fc ifise amanota 51.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891