Burundihomepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Joslin Bipfubusa agiye guhagarikwa muvyo kumenyereza intamba

Umumenyereza Joslin Bipfubusa yahawe itegeko n’uburongozi bw’umugwi Aigle Noir y’uko atosubira kumenyereza umugwi y’intamba mu rugamba y’abatarenza imyaka 20 hamwe na 23 kugira aronke umwanya ukwiye wo kwitaho umugwi Aigle Noir uzoserukira Uburundi mu mahiganwa ya CECAFA Kagame Cup hamwe na CAF Champions league.

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Ntwarante umwaka wa 2019 uburongozi bw’umugwi Aigle Noir burongowe n’umukuru w’inama nkegenguzamateka hamwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB Reveriyano Ndikuriyo bwahaye ubutumwa umumenyereza wayo ariwe Joslin Bipfubusa.

Ku rubuga ngurukanabumenyi bwa Facebook yiwe, Honorable Reveriyano Ndikuriyo akaba yahaye imisi 45 gusa umumenyereza wa Aigle Noir Joslin Bipfubusa azobe amaze gushira ahabona urutonde rw’abakinyi azokoresha mw’ihiganwa rya Primus league hamwe na CAF Champions league y’umwaka wa 2019 ushira uwa 2020 , mbere asubira kandi amwemerera kugura abakinyi b’abanyamahanga batandukanye ariko ntiyasivye kumubwira y’uko yohagarika muvyo kumenyereza umugwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba (U20 hamwe na U23).

Nyakwubahwa Honorable Reveriyano Ndikuriyo akaba yanditse mu rurimi rw’igiswahiri abicishije kuri Facebook yiwe ati “Uongozi wa klabu ya AIGLE NOIR CS (THE FIGHTERS), umemupa kocha mkuu JOSLIN BIPFUBUSA siku 45 awe amemaliza kuunda kikosi ambacho kitatumiwa na klabu hio kwenye PRIMUS LIGUE BURUNDI 2019-2020 na kwenye CAF/ CHAMPIONS LEAGUE 2019-2020. Tarehe 18-05-2019, kwenye EAGLE DAY katika ukumbi MAGNIFICAT-MUSHASHA-GITEGA , atakitambulisha kikosi chake hicho na kuwaaga wachezaji watakao hamia klabu nyingine.
Ameruhusiwa pia kuwasajili wachezaji kutoka nje ya Burundi ( Uganda, RDC, Cameroun, ….) kwa kuheshimu vigezo vinavyo tumiwa katika kusajili ndani ya klabu ya AIGLE NOIR CS
THE FIGHTERS. Timu mupya itaingia kambini tarehe 01-06-2019 na kufanya zoezi la nguvu kwa siku 60 huku siku 15 zikiwa ni zakushiriki CECAFA CHAMPIONS LEAGUE CUP ( KAGAME CUP 2019).
Kocha Mkuu wa Klabu ya AIGLE NOIR CS, ameombwa kuachana na timu ya taifa U-20 ( Head Coach), U-23 ( Ass.Coach) ili kuhakikisha anatumia muda wake kwenye kikosi kipya cha AIGLE NOIR C.S”

Mukamenya y’uko Joslin Bipfubusa ariwe yashikanye umugwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20 mu mahiganwa ya CAN mbere akaba yari asanzwe ari n’icegera c’umumenyereza mukuru w’umugwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 23 .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878