BurundiEllys boyshomepageJudokirundikirundi_SportsYvan muziki

Judo : Uburundi bwaraye butahukanye imidari itari mike

Uburundi bwaraye butahukanye imidari itari mike mu nkino z’igikombe ca Judo co ku mugabane wa Afrika (Championnat de la Coupe d’Afrique de Judo Cadet et Junior) aho catahukanye imidari 13 y’inzahabu,14 y’ifeza hamwe n’imidari 13 y’umujumbu ariko bunanirwa no gutwara umudari w’inzahabu m’urwaruka rutarenza ibiro 60.

Muri izo nkino zatunganirijwe mu Burundi umusore ALLAMINE Abdel Aziz wo mu gihugu Tchad hamwe na FATIME BARKA Segue w’umwigeme ava mu gihugu ca Tchad atarenza ibiro 52, yaciye muryahumye abaserukiye ibindi bihugu harimwo Uburundi bitwara iyo midari mugihe uwitwa YOUSSOUF Hussein Ramadan wo muri Tchad yigenjeje neza mu miyabaga itarenza ibiro 66.

Mu kibanza ca 2 hibonekeje igihugu ca Tchad aho catwaye imidare 2 y’inzahabu hamwe n’umudare umwe w’ifeza mu gihe igihugu ca Kenya caje ubwanyuma giheza ata mudare numwe gitahukiye.

Muri izo nkino vyigaragaje ko igihugu c’Uburundi citavye izo nkino ku mice nka yose mu gihe zitabwe n’ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika nka Tchad,Kenya,Urwanda,Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo,Senegal hamwe n’igihugu ca Maroc.

Bitumwe n’uko Uburundi bwatunganije neza inkino nk’izo mu mwaka uheze w’2018 bwaciye buhabwa ayandi mahirwe yo kwongera gutegura iryo higanwa uyu mwaka w’2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878