homepagekirundikirundi_Sports

Jules Ulimwengu yaraye atahukanye ubushimwe bubiri muri Rayon Sports

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23 Ulimwengu Jules yaraye atahukanye ubushimwe bubiri.

Hari kuri uyu wa kane waraye uheze igenekerezo rya 08 Myandagaro umwaka wa 2019, aho mu mugwi Rayon Sports hari haraye habaye ibirori vyo guha ubushimwe bwa SKOL bw’abakinyi bitwaye neza mw’ihiganwa ry’umwaka uheze wa 2018-2019.

Ulimwengu Jules yaraye atahukanye ubushimwe bubiri icarimwe aho twovuga nk’agashimwe k’umukinyi yatsinze ibitsindo vyinshi muri uyo mugwi ndetse aranahabwa n’agashimwe k’umukinyi akiri muto yitwaye neza kurusha abandi mu mugwi Rayon Sports .

Ulimwengu Jules mu mwaka uheze yatsinze ibitsindo 20 vyatumye aba umusatirizi afise ibitsindo vyinshi mu Rwanda ndetse n’igikombe c’amahoro niwe yarangije afise ibitsindo vyinshi aho yinjije ibitsindo 7 .

Mukamenya  yuko Jules Ulimwengu yaguzwe mu mugwi wa Rayon Sports avuye mu mugwi Sunrise ku miriyoni 8 z’amanyarwanda .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871