homepagekirundikirundi_Sports

Juma Mossi ngo Mutombola nta makosa afise mu ntamba mu rugamba

Mu kiganiro yakoranye na Indundi TV mu misi iheze uwahoze ari kizigenza w’intamba mu myaka 20 iheze Juma Mossi yavuze y’uko mugihe ahamagarwa muri Staff y’intamba mu rugamba yashoboye gusaba ikigongwe umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba Alain Olivier bivanye n’ivyo yabonye muri uyo mugwi. Akaba yagize ati :

“Igihe ninjira muri Staff y’intamba mu rugamba narashoboye guhamagara umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko Mutombola ndamusaba ikigongwe kuko narakosheje Mutombola nawe ambaza nni ibiki mukuru wanje konzi wewe uri mukuru wanje kandi twakundana cane igihe twakina hamwe wakosheje iki kuri jewe? Ndamubwira nti nanje nari mu bahora bagutuka hanze y’igihugu nari no mu bantu bagutako amakosa yose kuko ibiri indani mu ntamba mu rugamba ntavyo narinzi kuri jewe mvuga y’uko Mutombola ari umumenyereza afise ingabirano idasanzwe uravye n’abakinyi dufise”

Juma Mossi akaba yararangije avuga y’uko umupira w’amaguru w’iki gihe ni amahera, atamahera ntushobora gushika ahantu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871