footballhomepagekirundikirundi_Sportsprimus ligue

Jumaine ngo ntiyigeze yizeza abantu gutwara igikombe

Mugihe umugwi wiwe wa Musongati wari uhejeje kunganiriza i Gitega n’umugwi wa Messager Ngozi igitsindo 1-1, umumenyereza w’umugwi wa Musongati Niyonkuru Jumaine yagize ico ashikiriza Indundi TV.

Akaba yarabwiye Indundi TV y’uko yakiriye neza kunganya na Messager Ngozi kuko mu mupira vyose birabaho , akongera akavuga y’uko benshi mu bakinyi bafise ari abana ngo ninayo mpamvu bari bibajije y’uko ibintu vyamaze kurangira.

“Navyakiriye neza kuko mu mupira vyose bibaho je ndibaza y’uko benshi mu bakinyi dufise harimwo abana ninayo mpamvu bagombowe igitsindo baca babona y’uko vyaheze tugiye kubabwira y’uko bitarahera ihiganwa rikibandanya”

Abajijwe y’uko boba bafise icizere co gutwara igikombe c’uno mwaka, Niyonkuru Jumaine akaba yahakanye y’uko yigeze kuvuga y’uko bafise icizere co gutwara igikombe ahubwo ico yavuze n’uko bariko baravura ingwara bari bafise kugira barabe y’uko botwara igikombe.

Musongati Fc ikaba ifata ikibanza ca 2 mw’ihiganwa rya Primus league n’amanota 50 hamwe n’urukino rumwe rw’ikirarane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891