footballhomepagekirundikirundi_Sports

Jumaine ngo ukunganya na Vital’o Fc nta cizere vyamuhaye

Mugihe umugwi wa Musongati wari wanganirije i Bujumbura 0-0 n’umugwi wa Vital’o Fc mu rukino rw’igice ca kane gishira icanyuma c’igikombe c’Umukuru w’igihugu umumenyereza wa Musongati Fc Niyonkuru Jumaine yagize ico ashikiriza abamenyeshamakuru.

Ari kuri micro ya Indundi TV yavuze y’uko kunganya n’umugwi wa Vital’o Fc 0-0 i Bujumbura bitamuhaye icizere bivanye n’uko mu gihe yonganya igitsindo 1-1 na Vital’o bishobora gutuma asezererwa, akaba yagize ati :

” Ubu tunganije ngaha 0-0 kuri jewe ntibimpaye icizere bivanye n’uko i Gitega tunganije igitsindo 1-1 dushobora gusezererwa vyose mu mupira birashoboka”

Abajijwe ico yoba yabuze kugira atahukane intsinzi, Jumaine akaba yishuye y’uko ata kintu na kimwe babuze kuko hatabaye amakosa ngo nta gitsindo cokwinjira.

“Nta nakimwe twabuze kugira dutahukane intsinzi kuko hatabaye amakosa nta gitsindo cokwinjira Vital’o Fc ni umugwi ukomeye si umugwi woja gukina nawo uce uvuga y’uko ugiye kuwutsinda oya ni umugwi waje gukina uzi abo uhuye nabo n’ingene utegerezwa kubacunga kandi yabikoze’’.

Jumaine akaba ari umwe mu bamenyereza beza bariko barigaragaza mw’ihiganwa rya Primus league Burundi ndetse n’inkino zitiriwe igikombe c’Umukuru w’igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891