homepageArsenalInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Justin Ndikumana mu bakinyi 11 bitwaye neza muri Kenya

Umunyegori w’intamba mu rugamba Justin Ndikumana abandanya yitwara neza mw’ihiganwa ryo muri Kenya.

Hari ku musi wa mbere igenekerezo rya 4 Ntwarante umwaka wa 2019 , aho ishirahamwe risanzwe rifasha ihiganwa ryo muri Kenya ryitwa Sport pesa Premier league ryashira ahabona abakinyi 11 b’ihiganwa ryo muri Kenya bitwaye neza baranze indwi iheze.

Muri abo bakinyi 11 tuhasangamwo umunyegori w’intamba mu rugamba Justin Ndikumana .

Rikaba atari irya mbere Justin Ndikumana ashirwa mu rutonde rw’abakinyi 11 bitwaye neza n’igihe yari agikinira Saint Loi Lupopo yo muri Repubirika iharanira demokarasi ya Congo uyo munyegori yaguma ashirwa mu rutonde rw’abakinyi 11 bitwaye neza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871